Scroll to Top

#Burundi| Abarongozi b’amasengero mu Burundi iki nico bahamagarirwa gukora

By La Rédaction / Published on Sunday, 08 Jan 2017 02:27 AM / / 305 views

Abarongoye amasengero atandukanye akorera mu Burundi bahamagarirwa kuba abungere beza na canecane m’ukugira ico baterereye mw’itsimbatazwa ry’amahoro n’umutekano kuko arizo nkingi z’iterambere rirama. Ivyo n’ivyashikirijwe n’umukuru w’inama nkenguzamateka umushingantahe Honorable Révérien Ndikuriyo mu nama yari yateguye kugirisha abarongozi b’amadini atandukanye yabereye mu gisagara ca Bujumbura kuri uwu wa gatanu uheze igenekerezo rya 6 Nzero 2017.

Umunyabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu n’inyigisho z’ugukundisha igihugu nawe akaba yasavye abo barongozi b’amadini ko boza barigisha abayoboke babo kuvavanura n’igicumuro maze bafatane munda nk’abavukanyi gutyo babone kwijukira ibikorwa bizobateza imbere bo cokimwe n’igihugu cabibarutse, aho yanamenyesheje ko ababazwa cane n’abakristu bamwe bamwe usanga biyambika insato z’intama hama ugasanga bashinze mu madini yabo amashirahamwe usanga afise intumbero zitubaka.

Elias SENTAMBA umwigisha kuri Kaminuza y’Uburundi akaba yari umwe mubaremesheje iyo nama mu majambo yashikirije yafadikanije ijambo ry’Imana hamwe n’amategeko y’igihugu na canecane ibwirizwa nshingiro, aho yamenyesheje ko ivyo bintu vyose uko ari bibiri bihamagarira abantu gukora ineza maze bakareka gutotezanya agateka kabo hagati yabo.

Nayo abari bitavye iyo nama bakaba bahagaze cane kw’iyubahirizwa ry’agateka ka zina-muntu, aho nka Patiri Lambert NICITERETSE asanzwe ari umunyamabanga mu nama nkuru y’abepisikopi mu Burundi, yishimikije ikete Papa Francisco aherutse kurungikira abakristu bo muri Ekleziya gatorika, yasavye Leta y’Uburundi ko yogerageza kwubahiriza agateka ka kiremwa-muntu kuko, nk’uko amajambo yo muri iryo kete yavuga, intwaro y’agahotoro ngo nta gihe na kimwe yigeze ishikana ku mahoro n’umutekano birama.

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel