Scroll to Top

#Indindi Sports| Yussuf Nyange Ndayishimiye wa Aigle Noir FC agiye kuja mu gihugu ca Turkia mw’igeragezwa.

By Alain Muhirwe /Published on Sunday, 08 Jan 2017 08:18 AM // 453 views

Ku makuru ava ku wusanzwe arongoye umugwi wa Aigle Noir FC , Umukenguzamateka Ndikuriyo Reverien akaba anarongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru hano iwacu, umusore Ndayishimiye Yussuf batazira Nyange,  mu mpera z’indwi buca dutangura, arafata indege imujana mu gihugu ca Turikia mw’igeragezwa mu muwi wa Galatasaray.

Ndayishimiye Yussuf akaba ari umwe mu bakinyi rurangiranwa bo mu mugwi wa Aigle Noir bigaragaje cane mu gice ca mbere c’ihiganwa rya Primus Ligue, aho umugwi wa Aigle noir waje mu bibanza bine vya mbere. Amakuru abandanya ashirwa ahabona, akaba ari uko uno musore yamaze kuba aronka ibikenewe (Visa, Ticket) vyose, kugira ngo urugendo rwo ku munsi wa gatanu rube ntabanduka.

Tukabibutsa ko mu kwezi kwa cumi mu mpera umugwi wa Aigle Noir FC waheruka gusinya amasezerano n’umushingantahe Denis Kadito aba mu gihugu ca Hollande ngo azoze arabira hafi ubuzima bw’umugwi harimwo n’ukurondera isoko ry’abakinyi b’uyo mugwi.

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel