Scroll to Top

#Indundi Sport| Laudit Mavugo Yavuze iki, inyuma y’ugutsinda ibitsindo 2 muri Mapinduzi Cup?

By Alain Muhirwe / Published on Monday, 09 Jan 2017 09:34 AM / No Comments / 598 views

Ku munsi w’ejo w’Imana, mu gice ca kane gishira icanyuma c’igikombe c’ukwibohoza( Mapinduzi Cup), umugwi wa Simba waraye utsinze umugwi wa  Ja ng’ombe harimwo ibitsindo bibiri vya Laudit Mavugo. Inyuma y’ugutsinda ivyo bitsindo akaba  yaragize icavuga imbere y’abanyamakuru.

” Ndaryohewe cane n’ukuba natsinze ibitsindo bibiri, kuko hari haheze igihe kinini ntatsinda, ndibaza ko tuzobandanya kwitwara neza.  Abakunzi b’umugwi wa Simba Sports Club bokwihangana kuko ibintu vyiza birateba gatoya, birasaba kwitonda kugira dushike kuvyo twiyemeje,”

 

Twashoboye ku mubaza natwe  ingene yiyumva, inyuma y’ugusubira kubona igoli: Kwanza ndanezerewe nari maze inkino zigira kur 6 ntatangura mu kibuga, ariko uno munsi natanguye kandi nditwara neza.  Jewe  ndiyizera cane ingabirano ndinayo barashobora kukugaya abantu ariko batazi ico umaze ariko Imana yonyene niyo izi inyishu y’ikintu cose imana niyo rugira vyose izobinkora.

Mwomenya ko mu gice ca kabiri gishira icanyuma, Simba Sports Club izoca ihura na Yanga Africans umugwi mukeba wayo. Imigwi isanzwe ikinamwo yose abakinyi b’abarundi. Aho urwo rikino rutegekanijwe ku munsi wa kabiri.

3,105 total views, 2 views today

Comments

comments

Tagged as: