Scroll to Top

#Indundi Sports| N’aho yanditswe muri Rayon Sports, yasinye ayandi masezerano muri Gormahia.

By Alain Muhirwe / Published on Monday, 09 Jan 2017 09:29 AM / /

Inyuma y’aho ashizwe ku rutonde rw’abakinyi b’umugwi wa Rayon Sports izokoresha mu gikombe ca CAF, Karim Makenzi ku munsi wa gatanu vyashizwe ahabona ko yamaze kongerezwa amasezerano mu mugwi wa Gormahia asanzwe akinira muri kino gihe.

Mu bakinyi bagera kuri mirongo itatu (30), ba Rayon Sports izina rya Nizigiyimana Karim Mackenzi ryaraboneka ko agiye agiye gusubira muri Rayon Sports, bikaba ndetse vyananditswe n’ikinyamakuru Igihe.com co mu gisagara ca Kigali.

Ayandi makuru ava mu kinyamakuru ca Ruhagoyacu, muri ico gisagara nyene ca Kigali , haboneka amakuru ko Karim Mackenzi yamaze kongereza amasezerano y’imyaka ibiri gushika mu mwaka wa 2019. Muri kino gihe, umuntu agaca yiyumvira ingene umukinyi yoja ku rutonde rwarungitswe muri CAF ata masezerano afitaniye na Rayon Sports.

Mukibukako Karim Mackenzi yashitse muri Gormahia mu mwaka wa 2014, avuye  muri Rayon Sports, aho amaze gutorwa nk’umukinyi w’inyuma mwiza mw’ihiganwa rya 2015-2016.

 

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel