Scroll to Top

#Indundi Sports| Inkino z’igice ca kabiri mu gikombe c’Ubumwe . Bumwe mu busesanguzi.

By Alain Muhirwe / Published on Tuesday, 10 Jan 2017 01:22 AM / No Comments / 306 views

Inyuma y’inkino z’igice ca kane gishira icanyuma, ku munsi w’ejo hatwgwkanijwe kuba inkino z’igice ca kabiri gishira icanyuma , aho inkino zigera kuri zibiri arizo ziri ku rutonde.

1.Musongati – Messager Ngozi

Imigwi yo mu cicaro ca mbere iri mu bibanza bikurukirana, Musongati ikaba iri mu kibanz aca gatanu n’amanota 25 mu gihe umugwi wa Messager Ngozi uri mu kibanza ca gatandatu n’amanota 22. Mw’ihiganwa rya Primus Ligue, urukino rwabahuje, Musongati yatsinze umugwi wa Messager Ngozi ibitsindo bitatu ku busa (3-0)

Iyo migwi yose ikaba yavuye mw’itsinda rimwe rya C, muri kino gikombe c’ubumwe urukino rwabahuje, umugwi wa Musongati ukaba waratsinze kuyindi ncuro, ku gitsindo kimwe ku busa.

Iyo migwi kugira ishike muri ico gice ca kabiri. Messager Ngozi yakuyemwo Aigle Noir ku mapenalties inyuma y’ukunganya kimwe ku kindi. Musongati ukaba wo wakuyemwo Flambeau de l’Est ku bitsindo bitanu ku busa (5-0).

2. Vital’o  FC – Lydia Ludic

Imigwi isanzwe ariyo ikurikirana mu kibanza ca kabiri n’ica gatatu mw’ihiganwa rya Primus Ligue.LLB S4A mu kibanza ca kabiri n’amanota 29 mu gihe Vital’o FC  mukibanza ca gatatu, ifise amanota 28.

Iyo migwi kugira ishike mu gice ca kabiri , Vital’o FC wakuyemwo Les Lierres ku bitsindo (9-0), mu gihe LLB S4A wo waboonye itike ukuyemwo Messager Buja ku bitsindo (2-0).

Mbega ninde ku munsi w’ejo azoronka itike y’ugushika mu rukino rwa nyuma rutegekanjwe ku wa 5 Ruhuhuma ku munsi mukuru witiriwe ubumwe. Urukino rwa nyuma ruzobera ku kibuga co mu ntara ya Gitega.

4,195 total views, 2 views today

Comments

comments

Tagged as: