Scroll to Top

#indundi | Imana yasubiye kuvyayo, Miss Burundi wa mbere ntakirikumwe natwe 

By KING YANN COOL / Published on Monday, 09 Jan 2017 19:16 PM / /

Miss Burundi wa mbere Counary Snow ntakiri mu gitigiri c’abazima nkuko amakuru dukesha ikinyamakuru AKeza abishikiriza. Uwo mwigeme yasanzwe aba mu gihugu c’ubwongereza haraheze imyaka irenga cumi, bamusanze iwe aho yarasanzwe aba muri Oxgord yitavye umukama.

Umuryango w’uyo mwigeme ukaba umenye ko yitavye Imana Inyuma y’amezi abiri gusa asandavye kuko yitavye Imana mu mwaka uheze mu kwezi kwa cumi na rimwe.

KImwe muvyo yibukirwako n’uko yabaye Miss Burundi wa Mbere aho hari mu mwaka wa 1998 aho iryo higanwa ryatangura mu Burundi. Ubu akaba yarasanzwe ari mu bikorwa bijanye n’ukwitaho abagize ibibazo(Humanitaire).

Tukaba dusabiye urugendo rwiza uwo Uburundi bubuze butanse.

Indundi Tv | Hits News | NATACHA AHABWA AMAKARA

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel