Scroll to Top

#Burundi| Asaba umukuru w’igihugu ko yomukubitizako inyonga kuko ariko arasinzikara cane

By La Rédaction /Published on Tuesday, 10 Jan 2017 01:16 AM // 427 views

Nk’uko iki kinyamakuru canyu Indundi Magazine cagumye kibibashikiriza ku mwanya ku mwanya, umutama azwi cane mu bijanye n’akaranga k’Uburundi na canecane mu mwuga w’ubutimbo ”tambourinaire”, umushingantahe Antime Baranshakaje, amaze igihe kitari gito ari mu bitaro vyo mu Kamenge ”hôpital universitaire de Kamenge” benshi bazi nka Roi Khaled, aho yari yazanywe abaganga baho bemeje ko bashobora kumuvura mu gihe ibitaro vy’i Gitega vyo vyari vyamenyesheje ko ategerezwa kujanwa gukorerwa hanze y’igihugu.

Uwo mutama rero gushika ubu akaba atakigenda aho umwigeme wiwe Assumpta Mbahonankwa amenyesha ko abo baganga baguma bihutira kumuvura indwara zijanye n’ubusaza bwiwe gusa, gutyo amafaranga akaguma ahatikirira ata n’ikivamwo na rirya ata n’ayo ngo basanzwe bafise kiretse utwo baza barahabwa n’abagiraneza bafise umutima w’ikigongwe.

Gushika ubu rero, umuryango w’uwo munyakaranga ukaba ugeze ku rwego rw’ugusaba umukuru w’igihugu we sebarundi, kugira ngo abakubitizeko inyonga ziwe maze uwo mutama abone kujanwa hanze y’igihugu kuvurirwayo.

Twokwibutsa ko mutama Antime Baranshakaje yavunitse mu kiyunguyungu mu gihe yagira isanganya ari kw’ipikipiki, aho hakaba hari mu mwaka twaraye turangije.

 

Categories : homepage kirundi

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel