Scroll to Top

#indundi | Umurwi Lion Story uragira ico Uvuga Ku ndirimbo buca basohora

By KING YANN COOL / Published on Tuesday, 10 Jan 2017 08:05 AM / / 694 views

 

Mu kiganiro Umurwi Lion Story wahaye imboneshakure Tele Renaissance bavuga ko bariko baritegura gushira ahabona uturirimbo twabo dushasha turimwo n’utuzoba turi mu congereza.

Uwo murwi userukiwe n’umwe mu bawugize ariwe Paci, yamenyesheje ko bariko barakora ibishoboka ngo indirimbo zabo tugume hagufi y’aba Fans babo, abo bakavuga ko n’ukuzigura Ku buhinga bw’ingurukanabumenyi navyo bizoheza bigashikwako.

Uwo muririmvyi yabandanije amenyesha ko gukorera mu Muhanga bitoroshe kuko bibatwara uburyo n’inguvu nyinshi cane. Ariko bakemeza ko batazohagarika kuko ariwo mwuga basanzwe bafise kandi bazowubandanya.

Uwo murwi ukaba uvuga ko mu butumwa buzoba buri muri urwo rukurikirane buca rusohoka; buzoba buhagaze ahanini Ku guhumuriza abarundi abo bari hose ko bohumura nkuko bama babikora imisi yose.

Indundi Tv | Hits News | NATACHA AHABWA AMAKARA

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel