Scroll to Top

#Indundi Sports| Inyuma y’igeragezwa muri Villa Sports Club y ‘i Kampala yahawe amasezerano.

By Alain Muhirwe / Published on Tuesday, 10 Jan 2017 12:24 PM / /

Kuri uno wa kabiri mu gisagara ca Kampala niho Arakaza Mac Arthur, yahora ari umunyegoli w’umugwi wa Vital’O Fc , yasinya amasezererano mu mugwi wa Villa Sports Club  yo mu buganda.

Ku makuru twahawe akanemezwa na Arthur n’uko inyuma y’indwi zibiri ariko arakora imyimenyerezo muri uyo mugwi, yahawe amasezerano n’uyo mugwi mu kiringo kirenga umwaka. Akaba rero agiye gusanga uyundi  mukinyi w’umurundi ari muri uyo mugwi ni Fuadi Ndayisenga nawe yahashitse  mu kwezi kwa Nyakanga k ‘umwaka twaraye turangije. Umugwi wa Villa Sports Club ukaba uri mu kibanza ca kabiri mw’ihiganwa rya Uganda Premier League.

Tubibutse ko Arakaza Mac Arthur agiye mu gihugu c’Ubuganda, inyuma y’aho yari yagiririraniye utubazo n’umugwi wa Vital’OFC bongera barasubiza hamwe imbere y’uko agenda. Reka tumwifurize amahirwe mu mugwi mushasha yamaze gusinyamwo.

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel