Scroll to Top

#Indundi Sports| Igikombe c’Ubumwe: Vital’o FC – Messager Ngozi mu rukino rwa nyuma.

By Alain Muhirwe / Published on Tuesday, 10 Jan 2017 12:34 PM / /

Mu gihe ku mwaka uheze, imigwi  ya Vital’o FC na Messager Ngozi yahuye mu nkino zanyuma zigera kuri zitatu (Finale Coupe du Président, Super Coupe, Finale du tournoi de clôture du Primus Ligue 2015-2016), bagiye gusubira guhura mu rukino rwa nyuma rw’igikombe c’ubumwe.

Mu nkino z’igice ca kabiri gishira icanyuma muri ico gikombe zihejeje kuba ku muhingamo w’uno wa kabiri ku kibuga citriwe umuganwa rudoviko Rwagasore,  umugwi wa Messager Ngozi uhejeje kuronka itike y’ugukina urukino rwa nyuma batsinze umugwi wa Musongati igitsindo kimwe ku busa (1-0). Igitsindo cabonetse  mu minota ya mbere y’urukino gitsinzwe na Enock Nsabumukama ahawe umupira mwiza ahawe  na Iddy Museremu.

Igice ca mbere kikaba carangiye ari kimwe ku busa  (1-0), igice ca kabiri kikaba caranzwe n’ugusatira bikomeye k’umugwi wa Musongati, aho ariwo wiganziye urukino. Ku munota wa 72, Musongati yinjiza igitsindo umuhagarikizi akaba yacanse. Urukino ruza kurangira uko, Messager Ngozi ibona amahirwe y’ugushika muri Finale.

Mu rukino rwa kabiri ari narwo rwari rwitezwe n’abantu isinzi, umugwi wa Vital’O FC wahuye na LLB S4A, urukino rwari rubereye ijisho ku mpande zose, n’ubwo rwatanguye imigwi yose itinyana.

Hagati mu gice ca mbere, umugwi wa Vital’o FC ufashijwe n’abakinyi bo hagati nka Duhayindavyi Gael, Trezor Akimana na Steve Nzigamasabo bakaba basugereje bikomeye izamu rya Lydia Ludic S4A, bidatevye na gato umukinyi Kavumbagu Junior atsinda igitsindo kuri Corner itewe na Trezor Akimana. Igice ca mbere iza kurangira ku gitsindo kimwe ku busa n’ubwo umukinyi Andre Tokoto yahavuye yinjira gufasha bagenziwe.

Mu gice ca kabiri rukaba rwabaye urukino rw’imikenyuro ku ruhande rw’umumenyereza Francis Mbaya wa Vital’o FC hamwe na Mayele wa LLBS4A. Uguhindura abakinyi aha n’ahariya, ariko urukino ruza kurangira ku ntinzi ya Vital’o FC, gutyo ironka itike y’ugukina urukino rwa nyuma.

Tubibutsa ko izo nkino zarorerewe n’abantu isinzi, bavuye mu ntara zo hagati mu gihugu, urukino rwa nyuma rukaba rutegekanijwe ku munsi wahariwe ubumwe bw’abarundi mu ntara ya Gitega.

 

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel