Scroll to Top

#Indundi Sports| Primus Ligue: Umugwi wa Muzinga waronse umumenyereza mushasha.

By Alain Muhirwe / Published on Tuesday, 10 Jan 2017 13:16 PM / / 518 views

Inyuma y’ukuba utitwara neza mw’ihiganwa rya Primus Ligue hamwe n’igikombe c’Ubumwe, umugwi w’igisirikare c’Uburundi wa Muzinga kuva ku munsi w’ejo, ufise umumenyereza mushasha. Uwo nawe  akaba ari uwitwa  Gishikizo Jean Pierre.

Gishikizo J pierre akaba aje gusubirira umumenyereza Coach Robert yaramaze igice ca mbere c’ihiganwa rya Primus Ligue, ari niwe amenyereza uyo mugwi, inyuma y’igenda rya Jimmy Ndayizeye mu gihugu c’Urwanda  mu mugwi wa Espoir.

Uyo mumenyereza mushasha akaba yarabaye umukinyi wa kera wa Muzinga ndetse akaba yaranabaye umuyobozi muhinga muri uyo mugwi igihe kirekire. Gishikizo J pierre yigeze kandi kuba ari umuyobozi ajejwe ubuhinga mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi. Akaba mbere yaraherutse n’ukuronka urupapuro rw’impamyabushobozi rw’ukumenyereza rwa A, ruherutse gutangwa na CAF hano mu Burundi.

Umugwi wa Muzinga ukaba uri mu migwi itatu ya nyuma ku rutonde rwa Proimus Ligue ukaba ufise amnota agera kuri 13, mu kibanza ca 14.

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel