Scroll to Top

#Burundi| Aba nibo basabwe guhunguka kugira ngo bategure amatora ya 2020

By La Rédaction / Published on Wednesday, 11 Jan 2017 01:11 AM / / 308 views

Umuyobozi wa forum yamaho iraba ibijanye n’ibiganiro hagati y’imigambwe yemewe n’amategeko mu Burundi FDP bwana  Alain Diomède NZEYIMANA, yaraye ateye akamo abanyepolitike bahunze igihugu ko bogaruka maze babone gutegura amatora yo mu mwaka wa 2020.

Ivyo akaba yabishikirije ku musi wa kabiri waraye uheze igenekerezo rya 10 Nzero 2017 mu kiganiro yari yahaye abamenyeshamakuru.

Alain Diomède NZEYIMANA akaba yaragize n’ico ashikiriza ku biganiro hagati y’abarundi bitegurwa kubera hanze y’igihugu, aho abona ko vyose vyovana n’ugushaka kw’abanyepolitike kuko ngo mu gihe hari ugushaka, ngo ntakidashoboka kibaho.

Kubwa NZEYIMANA, abanyepolitike bakiri hanze y’igihugu ngo boraba bakikubita agashi maze bakaza gufashanya n’abavukanyi babo basigaye mu Burundi mu bikorwa vy’uguteza imbere igihugu cabo cabibarutse, nabo abo bavukanyi babo basigaye mu Burundi ngo bazoheza babakirane igishika cinshi umusi bagarutse iwabo.

Nayo ku banyepolitike bahunze igihugu basanzwe bafise ivyo bakoze basanzwe bagirirzwa na Leta, Nzeyimana yamenyesheje ko bobo batoshobora gutaha ngo baje hamwe n’abandi haba mu biganiro canke mw’itegurwa ry’amatora yo mu mwaka wa 2020 batabanje kubazwa ivyaha bakoze.

Categories : homepage kirundi politics

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel