Scroll to Top

#Burundi| Batemagujwe imipanga gushika basandavye

By La Rédaction / Published on Wednesday, 11 Jan 2017 01:33 AM / No Comments / 234 views

Muri zone Butahana komine ya Mabayi intara ya Cibitoke niho iryo bara ryaguye ku wa mbere uheze nk’igihe c’isaha icumi n’imwe zo ku mugoroba (17h), aho abantu babiri batemagujwe imipanga gushika basandavye mu gihe bari bavuye mu bikorwa vy’ugushingura umwana w’umwigeme yari yitavye Imana.

Musitanteri wa komine Mabayi aremeza iyo nkurumbi aho anamenyesha ko abagandaguye abo bantu boba babagiriza uburozi, yamara gushika ubu ngo bakaba batarafata abakoze iryo bara n’ubu bakikimaza amaguru bahunga. Abandanya amenyesha ko umu OPJ (officier de la police judiciaire) azwi kw’izina rya BASABURWUZUYE aza yaramaze kwishikira ahabereye iryo bara kugira ngo agire amatohoza.

Abo batware nyene bakaba baguma basaba abenegihugu barongoye ko boreka kuza baricira imanza kandi ubutungane arico buhabereye.

Mwomenya ko amakomine ya Mabayi na Mugina yo muri iyo ntara nyene ya Cibitoke ariyo aza muza mbere mu bwicanyi usanga bufatiye kubijanye n’ukwikekanako uburozi.

1,792 total views, 4 views today

Comments

comments

Categories : homepage kirundi security