Scroll to Top

#Burundi| Aba nibo ngo bamaze guhunguka hagati ya Myandagaro-Kigarama 2016

By La Rédaction /Published on Wednesday, 11 Jan 2017 02:14 AM // 313 views

Abanyagihugu bagera ku bihumbi icumi na bitatu na mirongo itanu na batandatu (13,056 personnes) bari barahungiye mu bihugu bibanyi nka Tanzaniya na Repubilika iharanira demokarasi ya Congo, hamwe no mu bindi bihugu nka Kenya na Malawi nibo bamaze guhunguka mu ntara ya Rumonge kuva mu mpera ya Myandagaro gushika hagati muri Kigarama mw’uyu mwaka uheze wa 2016.

Ivyo n’ibishikirizwa na Buramatari w’iyo ntara ya Rumonge, bwana Juvénal BIGIRIMANA, aho anamenyesha ko naho bimeze uko, ngo aranegura cane ingendo y’impunzi zimwe zimwe ziri mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya ngo zibuza impuzi z’abarundi gutahuka mu gihugu cabo kandi umutekano n’amahoro vyariyongereye gushika ubu.

Buramatari Juvénal BIGIRIMANA akaboneraho n’ugutera akamo abo bose bahunze igihugu ko boraba bakikubita agashi maze bagaheza bagahunguka gutyo babone kuja hamwe n’abandi barundi benewabo m’uguteza imbere igihugu cabo cabibarutse.

Categories : homepage kirundi societe

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel