Scroll to Top

#indundi | Abategura ibiteramo ngo ntibarabe irarirari abasanzwe batamba kuko nabo barakenerwa mu biteramo

By KING YANN COOL / Published on Wednesday, 11 Jan 2017 02:51 AM / No Comments / 600 views

Abatamvyi nkuko tubimenyereye mu mahanga s’ikirenga ngaha I Burundi Iwacu. Ariko bake bahari barabasha kugerageza guteza imbere ibikorwa vyabo.

Twahavuye twegera umwe mu muri iyo mirwi witwa KOD(Key of dance ) dushaka kumenya vyinshi. Batubwira ko hari ivyo bamaze gushikako.

Indundi : Mwatoranye gute ngo mutangure umurwi?

KOD: Twahora turi muri groupe yitwa Agatik Dance abenshi nibo twahuriye, ariko kuko tutari dufise la même vision nabadutwara twashimye kuvamwo kugira du creer groupe yacu, après niho haje nabandi bavuye muyandi ma crew ari différent nka best crew.

Indundi: Mu myaka 3 mumaze mwoba mubona hari ico murashikako?

KOD: Ica mbere n’uko twashoboye gukora une vidéo professionel tukaba turi mubambere bayikoze ino mu burundi, Kandi abantu baradu respecta muvyo dukora. Tukaba dufise nabatamvyi bacu, baronse amahirwe yokuba aba coach kuti fitness bakaba ubu batanga ama cours de dance. Mbona ari nkivyo

Indundi : Muraronka ababafasha mu bikorwa musanzwe mukora?

KOD: Ego abatwara fitness factory bari mubambere badufasha, kuko baduha akaryo ko kuza turakorera muri salle yabo akaba ariho tugirira imyimenyerezo. Hamwe na badufasha gukora ama vidéo. Akenshi babikora badufasha ataco badusaba.

Indundi : Abayabakorera nabo ni bande?

KOD: Murabo badufasha ama video canke ama photo hari uwitwa Ntwari keith rodriguez azwi kwizina rya KK11M hamwe nuyundi yitwa nifloof’s

Indundi : Ivyo mutegura muvyerekanira hehe?
KOD: A kenshi dutumirwa muma événement canke nkuko nabikubwiye tugakora ama vidéos.

Indundi : None kubwawe usaba iki? Ukagisaba nde kugira mubandanye mutera muja imbere?

KOD: Kubwanje nosaba aba fans ko baguma badukurikirana cane cane muri uyu mwaka kuko tubateguriye vyinshi. Nkongera nsaba abantu b’organisa ama événements bagume batwibuka nkuko bahora, Hama baze bara considera igikorwa cabatamvyi kuko bararuhaa muga usanga ntibaba respecta canke ntibabaha agaciro bakwiriye. Pour finir nkasaba aba journaliste bakadufasha mugu promotinga ibikorwa vyacu Nkuko muko mubikora😊

Muri ico kiyago twabandanije tuganira, batumenyesheje ko muri uku kwezi kwa mbere itariki 12 bazoba bakwije imyaka itatu bariko barakora ico bikorwa co gutamba. Ubu bakaba bageze ku batamvyi 32.

Indundi Tv | Hits News | NATACHA AHABWA AMAKARA

3,508 total views, 2 views today

Comments

comments

Tagged as: