Scroll to Top

#Indundi Sports| Messager Ngozi yoba iriko yitegurira igikombe ca CAF gute? [Interview]

By Alain Muhirwe / Published on Wednesday, 11 Jan 2017 10:59 AM / /

Inyuma y’aho umugwi wa Messager Ngozi uronkeye itike y’ukuja mu rukino rwanyuma mu gikombe c’ubumwe, karabaye akaryo k’ukwegera umumenyereza w’uyo mugwi ngo atwiganire ingene bariko baritegurira urukino mpuzamakungu buca bakina hagati mu kwezi kwa Ruhuhuma.

Umumenyereza w’uyo mugwi azwi kw’izina rya Momo Monchilo, yaratuganiriye ko bariko baritegurira urukino rwambere rwo mu mazinga ya Zanzimbar, n’ubwo ata makuru menshi bafise gushika kuri uno munsi ku vyerekeye umugwi wa¬† KZV ZAN ari nawo bazohura mu rukino rwa mbere rw’amajonjora mu gikombe ca CAF.

Twumvirize muri make, umumenyereza wa Messager Ngozi, aho yatuganiriye ku munsi w’ejo.

Tukabibutsa ko uyo mugwi waronse itike y’ukuja mu gikombe ca CAF inyuma y’ugutwara igikombe c’umukuru w’igihugu mu kwezi kwa Ruheshi k’umwaka uheze ( 25/6./2015). Kuri uno munsi muri Primus Ligue ukaba uri mu kibanza ca 6, n’amanota 22.

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel