Scroll to Top

#Indundi sports| Muganga Maronko Boniface agenywe gutwara igisata c’amagara mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi.

By Alain Muhirwe / Published on Wednesday, 11 Jan 2017 11:56 AM / No Comments / 474 views

Nk’uko bibonekera mw’ikete ryashizwe ahabona kuri uno wa gatatu, n’abo mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi, rikaba ryasinywe n’uwurirongoye .Uwigeze kuba ari umuganga w’Intamba mu Rugamba, muganga Maronko Boniface, yashizwe mu mabanga y’ugutwara igisata kijejwe amagara y’abakinyi mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru hano mu Burundi.

Boniface Maronko akaba atari umushitsi mu bijanye n’amagara y’abakinyi kuko inyuma y’ukuba akurikiranira hafi, amagara y’intamba mu rugamba, asanzwe ari no mu bafasha cane mu vyerekeye amagara y’abakinyi mu rukino rwa Basket Ball. Imigwi nayo asanzwe afasha, hakaba harimwo umugwi wa Athletico Olympique, ndetse n’umugwi w’Urunani.

Boniface Maronko akaba yagenywe vy’imfatakibanza n’abagize ibiro vy’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru, ako kanama nyene akaba ari nako kazomwemeza burundu

 

8,813 total views, 4 views today

Comments

comments