Scroll to Top

#Indundi Sports| Nduwarugira Christophe agiye gukinira Clube Uniao de Madeira mu gihugu ca Portugal.

By Alain Muhirwe / Published on Thursday, 12 Jan 2017 00:09 AM / / 1010 views

Inyuma y’ikiringo cegereza amezi agera kuri abiri, umusore Nduwarugira Christophe batazira Lucio, ariko akora igeragezwa mu mugwi wo mu gigara ca Madeira  witwa  Club Uniao de  Madeira usanzwe ukina mu cicaro ca kabiri muri ico gihugu. Yaraye aronse amasezerano muri uno mugwi.

Nduwarugira Christophe akaba yaheruka kutuganirira ingene uyo mugwi wa mugomwe, ukamukura mu gihugu ca Mozambique aho yakina mu mugwi wa Tchibuto. Yatuganiirye ko uyo mugwi wamwirondereye bivuye ku masanamu y ‘inkino zimwe zimwe yakinye muri Tchibuto hama abona gutumwako mu gihugu ca Portugal.

Tukabibutsa ko Nduwarugira Christophe ari umwe mu bakinyi bigaragaje cane mu gikombe ca CHAN 2014, Uburundi bwari bwaserutsemwo ari naho yaciye aronka akaryo k’ukugurwa n’umugwi wa Tchibuto wo muri Mozambique.

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel