Scroll to Top

#Burundi| Ngo n’ikibanza gikwiye kwitabwaho na rirya gisanzwe cinjiza amafaranga

By La Rédaction /Published on Thursday, 12 Jan 2017 09:26 AM // 379 views

Intara ya Rumonge ni iyanyuma yabonye izuba mu ntara zisanzwe zigize Uburundi. Yamara naho biri uko, abategetsi batanguye kuyitaho na rirya isanzwe ifise amazi y’ahantu bita Mugara muri komine ya Rumonge, ayo nayo akaba ngo avura indwara zitari nke umuntu amaze iyinga zibiri canke zine ayiyoga.

Ico kibanza ayo mazi arimwo kikaba gisanzwe ari n’iratiro ry’ingenzi aho zihatembera kugira ngo zihweze ayo mazi bavuga ko afise ubushobozi budasaznwe na canecane ku magara y’abantu.

Yamara abantu baba bifuza kuhashika ngo ntibiborohera kuko ata barabara rimeze neza rihari rishika muri ico kibanza gisanzwe cinjiza amafaranga, bakaboneraho gusaba abajejwe gutunganya ibibanza nka ben’ivyo vy’iratiro ko boraba bakahashira ibarabara rimeze neza.

Mwomenya ko abapfasoni basanzwe boga ayo mazi ku buntu guhera igihe c’isaha zitandatu z’umurango gushika isaha umunani z’umuhingamo hamwe no mw’ijoro.

Categories : homepage kirundi Tourism

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel