Scroll to Top

#Burundi UA| Ivyavuye mu mubonano uherutse kubera i Bujumbura hagati y’Uburundi n’abari baserukiye Nigeria

By La Rédaction / Published on Friday, 20 Jan 2017 02:25 AM / /

Uwuzosubirira ZUMA mu buyobozi bw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ngo azotegerezwa kuzokwitaho cane ibijanye n’ingene igisirikare c’iryo shirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika kizotegerezwa gutunganywa na canecane mw’itunganywa ry’uburyo ico gisirikare kizokoresha, ubwo nabwo ngo bukazotegerezwa gutangwa n’abanyafrika bonyene ubwabo bareke kuguma bazera inze, mu ntumbero y’ukwibuka abakurambere bahisi, MANDELA hamwe na KADHAFI.

Ivyo ni ivyashikirijwe mu mubonano uherutse kubera i Bujumbura kuwa 18 Nzero 2017 uheze, wabaye hagati y’umukuru w’igihugu cacu Petero Nkurunziza hamwe n’umushikiranganji w’imigenderanire y’igihugu ca Nigeria n’ayandi makungu, bwana Geoffrey Onyeama, akaba yari yaje yitwaje ibaruwa rya Perezida Muhammadu BUHARI asanzwe aramutswa ico gihugu ca Nigeria, iryo baruwa rikaba ryari rigenewe Perezida Nkurunziza ryerekeye isubirizwa rya ZUMA mu buyobozi bw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika.

Bwana Geoffrey akaba yamenyesheje ko akarere ka Nigeria gahitiye gahuye n’ibibazo bitoroshe bijanye n’umutekano muke wagumye udurumbanywa n’umuhari w’iterabwoba Boko Haram, ngo akabona rero ko Afrika itoshobora gutera imbere mu gihe ibibazo vy’umutekano bitohagurukirwa muri Afrika nzima.

Nayo ku ruhande rw’Uburundi, ubutwari n’ubukerebutsi vyamye kuva kera na rindi biranga abasokuru bacu, ngo nivyo bitegerezwa kwama na ntaryo bibera akarorero abanyafrika, nayo Afrika kugira ihagarare neza, ngo irakeneye gukorera ku bintu bigera kuri bine arivyo ukugira ingabo zisenyera ku mugozi umwe (une force de sécurité et de défense commune), ukugira imico imwe (identité culturelle commune), imigenderanire ikomeye (diplomatie forte) hamwe n’ukugira ubutunzi bwigenga (indépendance économique : une monnaie africaine).

Yamara naho bimeze uko, abategetsi b’Uburundi barerekanye amakenga bafise aho ishirwaho rya ASF (African Standby Force) mu mwaka uheze wa 2016 nk’uko vyari vyarategekanijwe n’abakurambere bahisi Mzee MANDELA hamwe na Mzee Mouammar KADHAFI ritashoboye gushinga imizi neza, aho vyanibonekereje mu nama iherutse kubera i Kigali mu Rwanda muri Mukakaro 2016, aho ata n’akajambo na kamwe ico kibazo cashikirijweko, bakabona rero ko ico kibazo cosubira kwihwezwa kugira ngo gitunganywe ubushasha.

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel