Scroll to Top

#Burundi| Iki nico gituma igiciro ca interenete kiguma hejuru mu Burundi

By La Rédaction / Published on Sunday, 22 Jan 2017 01:33 AM / /

«Mu gihe abantu bakoresheje interenete ari benshi, ivyo bituma igiciro cayo gica kigabanuka». Ivyo n’ibishikirizwa n’uwurongoye ARCT (Agence de régulation et de contrôle des télécommunications) mu Burundi, Ingénieur Déo Rurimunzu mu gihe yari yateguye gukoresha ikiganiro ku basanzwe bakwiragiza interenete mu banyagihugu (fournisseurs d’accès à Internet), hari kuwa 19 Nzero uheze.

Kubwa Déo Rurimunzu, ukuzimba kw’iyo interenete mu Burundi ngo biva kukubera abarundi basanzwe bayikoresha ari bake ugereranije n’ibindi bihugu vyo mu karere, aho ngo mu Burundi tutarenza ibice 8,2 kw’ijana mu gihe mu bindi bihugu vyo mu karere ka Afrika y’ubuseruko bo bageze ku bice mirongo itatu kw’ijana.

Bwana Rurimunzu akaba yaboneyeho guhamagarira abo basanzwe bakwiragiza interenete mu banyagihugu ko bogerageza bagakorera hamwe, ivyo navyo ngo bikazogira akamaro kanini haba kubijanye n’umwanya, ubutunzi hamwe n’ugukingira amakuru (sécurisation des informations).

Nayo ku ruhande rw’ishirahamwe BBS (Burundi Backbone System) risanzwe ariryo rikura hanze y’igihugu interenete (société chargée de l’importation de la connexion internet), umushingantahe Elie Ntihagowumwe asanzwe ayoboye iryo shirahamwe we ngo ntiyumva ukuntu ibiciro vya interenete biguma biduga mu gihe muri uku kwezi turimwo kwa Nzero ibiciro vyayo vyari vyagabanuwe gushika ku bice 55%, aho mégabyte imwe iryo shirahamwe ngo riyitanga ku mafaraga y’abanyamerika ari hagati ya 110 na 120 ku musegonda (entre 110 et 120$/sec pour 1mégabyte), yamara ngo bakaza bumva ko abo bakwiragiza interenete mu banyagihugu usanga nabo baciye bayigurisha amanyamerika agera ku majana indwi (700$/sec pour 1 mégabyte).

Nayo umushikiranganji w’itumatumanako, bwana Nestor Bankumukunzi akaba yamenyesheje ko interenete ari ikintu gihambaye mu bijanye n’itumatumanako, aboneraho gusaba abasanzwe bayikoresha ko bogerageza kuyikoresha mu bwitonzi ntangere ku neza yabo n’iy’igihugu.

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel