Scroll to Top

#Burundi Karusi| Ibi nivyo umutambukanyi w’umukuru w’igihugu asaba abapfasoni hamwe n’urwaruka

By La Rédaction /Published on Sunday, 22 Jan 2017 02:37 AM // 260 views

Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu cacu, Pasteur Denise Nkurunziza mu rugendo yarimwo mu ntara ya Karusi kuri uwu wa gatanu uheze igenekerezo rya 20 Nzero 2017, yarashoboye kubonana n’abapfasoni barongozi (femmes leadeurs) hamwe n’urundi rwaruka, aho yabagirishije ikiganiro abahamagarira kuba abapfasoni b’ubwenge na rirya basanzwe aribo nkingi y’urugo.

Mu gihe abapfasoni aribo nkingi y’umuryango, Pasteur Denise Nkurunziza yabamenyesheje ko aribo bategerezwa gukurikirana indero y’abana babo, abo nabo bakaba aribo kazoze k’Uburundi bw’ejo.

Ngo mu gihe rero imiryango y’abarundi iba yubakiye ku nkingi zikomeye, n’igihugu cose gitegerezwa guca gikomera kuko gisanzwe kigizwe n’abanyagihugu, musanzwe muzi ko inyubakwa iyariyo yose mu gihe itaba ifise ishimikiro rikomeye cane, ngo impera n’imperuka yayo itegerezwa gusambuka.

Nayo urwaruka akaba yaruhamagariye ko ubwa mbere rwokwubaha abavyeyi n’abarukurira, rukubahiriza amabwirizwa n’amategeko ruba ruhawe gutyo rubone kutaza rurajana nyabahururu mu bintu ivyarivyo vyose, yamara ngo rwame na ntaryo rubanza kwiyumvira iyo rugiye n’iyo ruvuye, rwihweze ko ivyo ruba rugomba kujamwo bifise akamaro haba ku gihugu ndetse no kuri kazoza karwo rwoye gukurikira nk’intama zijanywe ku macuniro.

Buramatari w’iyo ntara ya Karusi, Mme Calinie Mbarushimana mw’ijambo ryiwe ry’ikaze, akaba yarashimye cane ukuntu umutambukanyi w’umukuru w’igihugu yabiyumviriye maze akabagendera, yongera aboneraho kumushikiriza ingorane iyo ntara ifise na canecane uguharika, abana baheba amashule bivanye n’ugutwara imbanyi hataragera, abandi bakaja muzindi ntara kuronderayo ubuzi, abapfasoni batitabira ku bwishi ibikorwa vy’iterambere, n’ibindi.

Mme Calinie Mbarushimana akaba atasize inyuma ihindagurika ry’ibihe ryatumye haba inzara mu ntara arongoye, yamara akamenyesha ko abanyagihugu arongoye bagerageza gusabikanya utwo babo barose, yongera amenyesha ko gushika ubu yama yategekanije amanama y’ugukangurira abanyagihugu kwijukira gutera ibiterwa birinda iryo hindagurika ry’ibihe mu ntumbero y’ugukingira ibidukikije n’ukurwanya inzara.

Categories : homepage kirundi societe

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel