Scroll to Top

#Indundi Sports| Ishirahamwe rya Karate riramutswa indongozi nshasha.

By Alain Muhirwe / Published on Tuesday, 24 Jan 2017 03:47 AM / /

N’amatora yabaye ku munsi w’Imana, mu nyubakwa z’ishirahamwe rya Olympique hano mu Burundi (CNO), uwitwa Nkurunziza Christophe niwe yatowe kuba agiye kurongora ishirahamwe rya Karate mu Burundi.

Christope Nkurunziza akaba yatowe kuba azorongora iryo shirahamwe, ku manota icenda, arushije uwitwa Didier Marcel ku manota 7. Uyo nawe akaba yagiriye ko ashikiriza comitee bagiye gukorana:

Umukuru w’ishirahmwe: Christophe Nkurunziza.

Icegera: Gakiza Remy.

Umunyabanga: Bindariye Raphael- Kwizera J Marie

Umuyobozi muhinga: Pascal Kazwiti- Havugimpundu Gilbert.

Izo ndongozi zikaba zatorewe kurongora iryo shirahamwe mu myaka ine. K’ubwo uwatowe, ibikorwa vy’ugukora vyo ntibibuze: “Kugarukana Karate ku rwego mpuzamakungu, gushikana Karate mu gihugu cose, gushiramwo abigeme muri urwo rukino rwatanguye mu myaka 1970.”

Tubibutse ko urukino rwa Karate , baheruka kuba bitabira inkino zo mu karere. Kuko kuva mu mwak wa 2015 mu gihugu ca Kenya. Aho  Uburundi bwari bumaze imyaka igera kuri ibiri bafise ikibanza ca mbere mu karere ka 5.

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel