Scroll to Top

#Indundi Sports| Vital’o FC – Messager Ngozi: Woba wibuka zimwe mu nkino zagiye zirabahuza.

By Alain Muhirwe / Published on Saturday, 28 Jan 2017 04:37 AM / / 455 views

Mu masaha makeyi hariya mu ntara ya Gitega haraba hatanguye urukino rwa nyuma rw’igikombe citiriwe ubumwe hagati ya Messager Ngozi na Vital’o FC mu kiringo kitarenze umwaka, iyo migwi ikaba igiye guhura mu rukino ra nyuma rw’ibikombe bitandukanye incuro zigera kuri zine.

Mu mwaka uheze kuri Stade yo muri SOSUMO ahitwa i Gihofi, iyo migwi  ikaba yahuriye mu rukino rwa nyuma rw’igikombe c’umukuru w’igihugu , muri urwo rukino akaba ari umugwi wa Messager Ngozi watwaye ico gikombe ku ma Penalty. Aho hakaba hari italiki ya 25 z’ukwezi kwa Ruheshi 2016.

Mu kwezi k’Umunani, mu ntumbero y’uguheraheza ihiganwa rya Primus Ligue kugira hatangwe ubushimwe ku migwi n’abakinyi bari bigenjeje neza. Ku ri uyo munsi umugwi wa Vital’o FC ukaba waratwaye ico gikombe baciye mu mapenalty.

Kw’italiki ya 3 z’ukwezi kwa Nyakanga, mu rukino rwa nyuma rwa Super Coupe, ruhuza umugwi watwaye championnat hamwe n’uwatwaye igikombe c’umukuru w’igihugu.

Mw’ihiganwa rya Primus Ligue iyo migwi ku mwaka uheze ikaba yahuye ugukurikira, urukino rubanza umugwi wa Vital’o FC ukaba watsinze inkino  zose (2-1;1-0). Muri uno mwaka urukino rwa mbere muri Championnat iyo migwi ikaba yaranganije.

 

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel