Scroll to Top

#Indundi Sports| Vital’o FC na Messager Ngozi bahawe akaruhuko k’ugutegura inkino mpuzamakungu.

By Alain Muhirwe / Published on Sunday, 29 Jan 2017 22:12 PM / /

Inyuma y’uguhurura mu rukino rwa nyuma rwo ku munsi wa gatandatu, mu gikombe citiriwe Ubumwe, imigwi ya Vital’o FC na Messager Ngozi yahawe akaruhuko k’ukwitegurira inkino mpuzamakungu, buca batangura muri kuno kwezi kwa kabiri.

Ku ndwi ya 20 y’ihiganwa ry’umupira w’amaguru, Primus Ligue , iyindi migwi yarakinye inkino zayo ku munsi W’Imana, ariko migwi ya Vital’o FC na Messager Ngozi yategerezwa gukina iyo ndwi ku munsi wa kabiri kw’igenekerezo rya 31 Ruhuhuma. Vital’o FC yohuye ku kibuga c’i Gitega na Musongati mu gihe Messager Ngozi yohuriye i Ngozi n’umugwi wa LLB.

Amakuru ava mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru hano mu Burundi, ashikiriza ko  izo nkino zari zitegekanijwe ku munsi wa kabiri zasibijwe kugira hamanze hitegurirwe inkino mpuzamakungu, imigwi ya Vital’o FC na Messager Ngozi bagiye kujamwo.

Kw’igenekerezo rya 12 Ruhuhuma, umugwi wa Vital’oFC uzoba uri  mu gisagara ca Libreville muri Gabon ukazohura na CF Mounana mu gikombe c’imigwi yabaye iyambere iwabo. Kuri iryo sango nyene Messager Ngozi, izoba iri m mazinga ya Zanzibar, aho izokwakirwa na KZV mu gikombe c’ishirahamwe rya CAF.

Tukabibutsa ko iyo migwi yaronse ayo mahirwe, ari uko Vital’o FC yatwaye ihiganwa ry’umwaka wa 2015-2016, mu gihe Messager Ngozi, yatwaye igikombe c’umukuru w’igihugu c’umwaka wa 2016.

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel