Scroll to Top

#indundi | Kebby yinjiye mw’ihiganwa muri Nigeria

By KING YANN COOL / Published on Tuesday, 31 Jan 2017 06:13 AM / /


Kebby asaba abakunzi b’umuziki kumutora mw’ihiganwa arimwo mu gihugu ca Nigeria.

Inyuma yaho indirimbo Sina Lawama yerekaniwe Ku mboneshakure zitandukanye zo muri Africa, iyo ndirimbo yahavuye ironka ikibanza mw’ihiganwa mu gihugu ca Nigeria.


Nkuko amakuru dukesha urubuga rwa Twitter rwa Jaiye.com, iyo ndirimbo yashizwe mu gitigiri c’izindi ndirimbo ziriko zirahiganwa.

Kebby Boy yasavye acishije Ku rubuga rwiwe rwa Facebook ko abakunzi b’umuziki wiwe bomutora ngo nawe abashe gushikana kure iyo ndirimbo.


Muri iryo higanwa, Kebby akaba arikumwe n’abanya Kenya, abagande, aba Nigeria hamwe n’abandi batandukanye.

Irabire video ya “Wumuji” by GN

167 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment