Scroll to Top

#Burundi| Uku niko urubanza rwiwe rwaraye ruciwe

By La Rédaction / Published on Wednesday, 01 Feb 2017 01:19 AM / /

Ku musi w’ejo waraye uheze igenekerezo rya 31 Nzero 2017 niho sentare irwanya igiturire y’i Muramvya yacira urubanza uwahoze ari umukuru wa posita y’i Kiganda mu ntara ya Muramvya, Officier Aimable Murengerantwari.

Imaze kumwumviriza, iyo sentare yahavuye imucira umunyororo w’ugupfungwa imyaka itanu hamwe n’ihadabu y’amafaranga y’amarundi agera ku bihumbi ijana ategerezwa kuzorihwa mu kiringo kitarenga imisi umunani uhereye umusi yamenyeshwa urubanza yaciriwe, nayo mu gihe atoyariha akaba azoca yongerako umunyororo w’amezi atandatu ujanye n’iyo hadabu azoba atarishe.

Twokwibutsa ko Officier Murengerantwari yagiriwe n’ukurya igiturire hamwe n’ugukorana n’abantu basanzwe bahingura inzoga zitemewe n’amategeko bita ”INGURI” bo mu Gatabo muri iyo ntara ya Muramvya, akaba yafashwe ariko ahabwa igiturire n’abo bahingura izo nzoga zitemewe n’amategeko c’amafaranga y’amarundi agera ku bihumbi mirongo itanu, hari kw’igenekerezo rya 28 Kigarama mu mwaka uheze wa 2016.

Categories : homepage kirundi

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel