Scroll to Top

#Burundi| Ibi nivyo Gaston Sindimwo yaganiriye n’umunyamabanga mukuru wa ONU

By La Rédaction / Published on Wednesday, 01 Feb 2017 01:21 AM / /

Hambavu y’inama igira iya 28 yari yahuje abakuru b’ibihugu bigize ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo yari yaserukiye Leta y’Uburundi muri iyo nama, ku musi wa mbere igenekerezo rya 30 zero 2017, ngo yararose akaryo k”ukuganira n’umunyamabanga mukuru wa ONU aheruste gutangura amabanga yiwe, bwana Antonio GUTERES, aho ngo bavuganye ibitari bike canecane vyerekeye Uburundi uko buhagaze gushika ubu.

Gaston Sindimwo akaba yabanje kumumenyesha ko imvo nyamukuru y’ukumusaba uwo mubonano bagiraniye ko yari iyo kumukeza ku mabanga aherutse gutorerwa, yongera aboneraho kumusigurira neza ingene igihugu c’Uburundi gisigaye gihagaze guhera mu mwaka wa 2015 gushika ubu, aho yamumenyesheje ko amahoro n’umutekano bisigaye ari vyose naho hari inyanka-Burundi ziguma zirota gusubiza Uburundi muri kahise kandi ubu bwarateye imbere.

Yarongeye aramwereka ko mu ntumbero y’ukwubahiriza agateka ka zina-muntu ko umukuru w’igihugu c’Uburundi nyakwubahwa Petero Nkurunziza aherutse kugirira imbabazi abanyororo bagera ku bihumbi bibiri n’amajana atanu kugira ngo arabe ko hoba icuka ciza mu barundi na canecane mu biganiro bihuza abarundi biriko birategurwa kubandanya.

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo akaba ngo yarangije asaba uwo munyabanga mukuru wa ONU Antonio GUTERES, ko yoza arima amatwi inyaka-Burundi atakindi barota atari ukwama bagomba guhungabanya amahoro n’umutekano vy’igihugu.

Categories : homepage kirundi politics

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel