Scroll to Top

#Burundi| Ngo bafise icizere kw’ijambo ry’umukuru w’igihugu bihweje igihe bari bamaze mu buroko

By La Rédaction / Published on Wednesday, 01 Feb 2017 03:03 AM / /

 

Abarundi bagera kuri 186 bagirizwa ko bohora ari abarwanyi bari bamaze igihe bapfungiwe i Bukavu n’i Uvira muri Repubilika iharanira demokarasi ya Congo, ku musi w’ejo igenerezo rya 31 Nzero 2017 niho bavanwa aho bahora bapfungiwe kugira ngo bahabwe Leta y’Uburundi ibone kubikurikiranira.

Ukwo guhanahana kw’abo bapfungwa bagirizwa ko ari abarwanyi kukaba kwabereye mu Gatumba ahasanzwe hari urubibe rugabura Uburundi n’igihugu ca Congo, aho hari hishikiye umushikiranganji w’ubutungane Aimé Laurentine Kanyana n’abajejwe inzego z’igisiikare n’igipolisi c’Uburundi, uwo mushikiranganji akaba yahahuriye na buramatari w’intara ya Kivu y’amaj’epfo ”Sud Kivu”.

Muri abo bapfungwa 186 bari bapfungiwe muri ico gihugu ca Congo, abagera kuri 112 bonyene nibo bashoboye gushika mu Burundi, nayo muri abo basigayeyo ngo hakaba harimwo icumi b’abanyarwanda. Bashikanywe ku mupaka w’Uburundi na Repubilika iharanira demokarasi ya Congo, baheza bagaca burizwa imodoka z’igipolisi c’Uburundi. Abo bari bamaze igihe bapfungiwe ku butaka bwa Congo bakaba ngo bafise umwizero w’uko ijambo umukuru w’igihugu aherutse gushikiriza ry’ukugirira ikigongwe impfungwa zitandukanye, ko nabo nyene ryoshobora kuzobakorerako kuko ngo bari bamaze igihe kinini bari mu buroko.

Abo basigaye ku butaka bwa Repubilika iharanira demokarasi ya Congo bakaba ngo bazoshikirizwa Leta y’Uburundi mu gihe bahejeje kuvangura imvukira z’Urwanda hamwe n’iz’abarundi.

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel