Scroll to Top

#Burundi| Ubuserukizi bwa Amerika buriyamiriza ibihuha

By Julien Barinzigo /Published on Sunday, 05 Feb 2017 01:00 AM // 1887 views
Ubuserukizi bwa Amerika mu Burundi Avenue Des Etats-Unis Bujumbura, Burundi

Kuva kuri uyu wagatanu igenekerezo rya 3 Ruhuhuma hari inyandiko zatanguye gukwiragizwa n’abantu bataramenyekana babicishije ku mihora ngurukanabumenyi bemeza ko Donald Trump, umukuru w’igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika yashize umukono kw’itegeko riha uburenganzira abarundi basanzwe bafise ubwenegihugu bumwe gusa bwo kwinjira muri Amerika ataruhusha bimwe bita visa babanje gusabwa.

Ubuserukizi bw’Igihugu ca Reta zunze ubumwe z’Amerika  mu Burundi ntibwatevye kubeshuza iyo nkuru isa ni iyo kujuragiza abantu mu kubahenda ku kintu kitegeze kiba.Ubwo buserukizi bugira busaba abarundi kuja kwisomera bonyene umuhora ngurukanabumenyi wusanzwe ukoreshwa n’ico gihugu mubijanye n’ingenzi : https://burundi.usembassy.gv maze amazinda ahere ntihagire urugwamwo.

Ntawokwibagira ko muri ino misi hadutse abantu bandika inkuru atawuzi iyi baba bazikuye maze bazihererekanya babicishije kuri whats app na facebook.Ha heruka kuvugwa cane ibijanye n’abanyamworo . Vyarangijwe n’uko agashavu k’abanyamwaro kabaye kenshi bagahitamwo kwitura abarongozi.Igisigaye ni ukumenya intumbero y’abo bantu.Igisanzwe kizwi ni uko ingwano yo mu bimenyeshamakuru ishobora kuba mbi kurusha iyo amasase .

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel