Scroll to Top

#Indundi Sports| Berco Stars itsinzwe na Les Gazelles mu rukino rwa Kivandimwe (42-53)

By Alain Muhirwe /Published on Monday, 06 Feb 2017 15:01 PM // 180 views

N’ubwo ihiganwa ry’abigeme mu rukino rwa Basket Ball ritaratangura mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru hano mu gisagara ca Bujumbura ( ASBAB), kuri uno mugoroba hari hategekanijwe urukino rwa Kivandimwe hagati y’imigwi ibiri isigaye mu cicaro ca mbere, ariyo Berco Stars na Les Gazelles.

Berco Stars iheruka gutakaza bamwe mu bakinyi bayo kizigenza, aho twovuga nka Kalume Florence Dada, na Nezerwe Ines batazira giti, bagiye kwiga mu gihugu ca Leta Zunze ubumwe za Amerika, uyo mugwi bikaboneka ko utakicifatira mu gahanga iyindi migwi vyoroshe.

Urwo rukino rwabereye kuri uno mugoroba, ku kibuga benshi bazi kw’izina rya Parquet, umugwi wa Les Gazelles ukaba watsinze Berco Stars amanota agera kuri 54 kuri 43 ya Berco Stars, ivyo bikaba vyerekana ko umumenyereza wa Berco Stars, ategezwa kurondera abakinyi baza gusubirira abo twababwiye bavuye muri uyo mugwi.

Tubibutse ko mu cicaro ca mbere hasigaye iyo migwi uko ari ibiri gusa, inyuma y’aho umugwi wa Les Copines wahavuye ubivamwo. Indongozi za ASBAB zitegezwa kwicarira kino kibazo.

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel