Scroll to Top

#indundi | Spok’s yatumiwe mu birori vyateguwe n’ubuserukizi bw’Uburundi muri Kenya

By KING YANN COOL / Published on Tuesday, 07 Feb 2017 09:33 AM / /

Urubanza rumwre rumara zibiri, Spok’s Man ahari muri Kenya ngo yagiye yumva bamutumira ngo aje kwiginana n’abandi barundi Ubumwe bwabo. Ariko n’ukuririmba bikaba vyaciye bijana.

Eric Dushimirimana benshi bazi nka Sopk’s nawe ngo yari umutumire w’iteka mu birori vy’ukwigira umusi mukuru w’Ubumwe bw’abarundi mu gihugu ca Kenya.

Abicishije ku rubuga rwiwe rwa Facebook, uwo musore asigaye yisumamwo kwa Kenyatta yamenyesheje ko naho yari umutumire asanzwe ariko nk’umuririmvyi ngo yarizewe ahamagarwa kubateramisha. Mu ndirimbo yaririmbwe harimwo indirimbo Burundi, aho harimwo ubutumwa buhamagarira abarundi gukunda igihugu Cabo.

Soma n’ibi : Burundi by Spok’s 

Iyaba wobaye uwundi
Wobukunze kurusha abandi
Kuko kahise kabwo karyoshe nk’inyama y’ikindi
Menya neza uburundi
Hama ukunde uburundi
Menya neza uburundi
Ubukundishe abandi…
Nanje ico nshaka nuko uburundi
Bwonyibukira kuvyo nakoze ( vyiza ) ngasiga umugani
Nanje ico nshaka nuko uburundi
Bwonyibukira kuvyo nakoze ( vyiza ) ngasiga umugani

Tukaba tutarabasha kumuronka Spok’s ngo agire vyinshi avuga kuri ubwo butumire yabashije kuronka muri ico gihugu akimenyereza umuziki wiwe.

Uwo muririmvyi akaba yatumiwe muri ivyo birori, mu gihe hari n’abandi baririmvyi b’ibihangange nka Kidum, Baino canke Pastor Ephraim basanzwe bamenyerewe muri ico gihugu ca Kenya.

Irabire Video 

141 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment