Scroll to Top

#Burundi|Abari mu mahanga barafasha abasigaye mu gihugu

By Julien Barinzigo / Published on Thursday, 09 Feb 2017 02:25 AM / /
Umupfasoni Toyi Annonciatte yakira agafashanyo yarungikiwe. Ni isaha imwe y’ijoro . Icumba n0 4 , igisata c’abana

Kuri uyu wa gatatu isaha imwe y’ijoro niho uwurongoye uruganda rw’iyandikiro mu kinyamakuru Indundi Magazine BARINZIGO Julien yashikiriza umukenyezi Toyi Annonciatte agafashanyo yarungikiwe n’umurundi asanzwe aba  mu gihugu ca Kanada.

Uyo muvyeyi aturuka mu ntara ya Ruyigi, Komine Butezi akaba yari yibarukiye kw’ivuriro ryo Kwisumo umwana w’umuhungu afise ubumuga bufatiye kururimi.Ni rurerure kuruta umunwa kuburyo rusohoka rukarengera akanwa.Abaganga baciye bamurungika mu bitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge.

Inyuma yaho ikinyamakuru Indundi Magazine candikiye iyo nkuru, abantu batari bake barabimenye hanyuma biyumvira kumufasha.Benshi ni abarundi baba mu bihugu vyo hanze.Umwe muri bo atuye mu gihugu ca Kanada yipfuje kumufasha.Niko kubicisha ku kinyamakuru Indundi Magazine.

Toyi ntaronka amajambo akoresha:”Ivy’ Imana ikora biratangaje, kubona jewe mfashwa n’umuntu ntarabona, atanzi ngirango ntazokwigera mbona, jewe sintahura.Ndamukengurukiye cane Imana imwongera ubuzima aronke ivyo afashisha abantu nkanje. Nabandi bose ndabakengurukiye”.

Urongoye uruganda rw’ikinyamakuru Indundi Magazine yamumenyesheje ko ikinyamakuru cakoze ivyo categerezwa gukora atamvo iriho yokwirigwa arashimira abacandikamwo.Yabandanije amenyesha ko ico kinyamakuru cantaguje igikorwa citiriwe Indundi Tabariza.Ico naco kiba gitunganijwe uku: Nyene kugira canke kubona ivyago arahamagara kuri muhamarakure ngendanwa ifise inomero 72423095 canke akayirungikako ubutumwa bugufi buri kuri whats app akamenyesha ivyo vyago hanyu uruganda rukiga ko bikenewe ko uwo muntu atabarizwa.Uruganda rusanze bikwiye ruraheza rukandika ibijanye n’ivyo vayago.Uruganda rufaise uburyo budasanzwe bwo kubishikiriza abantu batandukanye kw’isi yose.

Kuri uyu wa  kane niho abaganga b’ibitaro vyo mu Kamenge bamenyesha Toyi Annonciatte ko yoba aratenyenya akaja i muhira kuko hariho abariko barabikora kugira ngo uyo mwana arungikwe mu mahanga kuvugwa.Ico gikorwa kirimwo n’abandi barundi cane cane baba mu bihugu vyo hanze.Bamwe babicisha kubo basize mu gihugu.Ivyo bikabonekera ku bakenyezi batari bake bari baje kuraba uyo muvyeyi kuru uyu wa gatatu ku muhingamo aho mbere basanze akubitiye hanze bakibaza ko boba bamunyuruje. Muribo umupfasoni Gertrude yaserukiye abandi mu kumujana ku bitaro Kira Hospital ngo abaganga barabe ico bofasha uyo mwana.

Bamwe iyo ngingo ntiyabanyuze kuko bavuga ko inguvu z’abashaka ku mufasha zihakwa kugabanuka naho bari baramaze kumuronsa impamagarakure y’inomero 72449977 ikoresha uburyo bwa ECOCASH umuntu ashobora gukoresha mukugira ico amufashishije.

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel