Scroll to Top

Kuri Saint Valentin Kidum ntiyabwiye umukunzi wiwe gusa

By KING YANN COOL / Published on Thursday, 16 Feb 2017 05:49 AM / / 1052 views

Kidum we ntiyabwiye umukunzi wiwe gusa, ahubwo yabwiye abakundana bose ko ata bundi buhinga ngo abantu bakwiye gukundana.

Kidum hamwe n’umukunzi wiwe ku musi w’abakundana

Ku musi w’abakunda, Kidum akazi kaba gashushe kubera uturirimbo twiwe dutandukanye abakunda banakunze gukoresha amajambo atari make arimwo. Nkuko vyama n’uno mwaka kiduma yarakoze igiteramo kuri Safari Park Hotel i Nairobie aho hari hitavye abatari bake mu bakundana.

Kidum ariko nawe nyene ku mbuga ngurukanabumenyi nka Facebook ntiyaretse kugira ico avuze kuri uwo musi w’abakunda. Mu gihe abenshi muba Star bagize ico babwira abakunzi babo kuri uwo musi, Kidum we yavugiye hamwe abibwira abakundana bose.

 

Ku rubuga rwiwe rwa Facebook yagize ngo nta bundi buhinga abantu dukwiye gukundana, akongerako ko yaba we mbere n’umutambukanyi wiwe babashije kunezerwa kuri uwo musi, kuko wari umusi mwiza cane.

It was a good Valentine ! My wife really enjoyed and I am happy too . Watu wapendane kabisa hakuna otherwise

Mwomenya ko Kidum asanzwe ari mu gihugu ca Kenya gushika ino saha, akaba abandanya akora ama Karaoke co kimwe n’ibiteramo bitandukanye abandanya ahamagarwamwo n’amashirahamwe atandukanye muri ico gihugu.

Irabire video Nayo

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel