Scroll to Top

Amasezerano ya Ikoh na Emery Sun ameze nk’igitutu ubona ntufate

By KING YANN COOL / Published on Thursday, 16 Feb 2017 14:10 PM / /

Amasezerano ya Emery Sun na Ikoh ngo ameze nk’igitutu ubona ariko ntufate, kuko ata wundi muntu n’umwe arekuriwe kuyamenya atari we hamwe n’abo muri IKOH.

Guhera umuririmvyi Emery Sun(E.S) ashize umukono wo gukorana n’ishirahamwe Ikoh, ngo ubu ivy’umuziki wiwe vyose bibazwa uburongozi bw’iryo shirahamwe. Ivyo yabishikirije mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru Indundi Magazine(I.M) kuri uno musi wa kane.

Yemeza kandi ko amasezerano yiwe na Ikoh ari Closed atawundi arekuriwe kuyamenya atari we na Ikoh, yanamenyesheje ko mu misi ya Vuba hari ibiganiro bazoha abamenyeshamakuru ngo bavuge ivy’ayo masezerano bagiranye.

Kuva i Bubamfu uja i Buryo Emery Sun, Yves Kolly, Producer Amir, CEO Haruna

 

I.M : Emery Sun, twarabonye warasigne ayo masezerano na Ikoh, Womenyera ari amasezerano abantu bose bomenya canke ari Closed?

E.S : Contrat iri closed,ni jewe na IKOH gusa, ni vyaba bishoboka ko tuvuga ibirimwo ndibaza Ikoh Multiservice izobibamenyesha. 

I.M : Mwebwe nka Emery Sun, iyo Album izobungura iki? Haba mu bumenyi, kumenyekana, canke ku mufuko.

E.S : Ndibaza ko atawoja mu kintu atabona akarusho, ariko igikuru n’ibikorwa hama ibindi muzoba muriko murabibona. Ico novuga nuko uturusho turiho nico gituma na signé. Hama vuba tuzotegura ibiganiro aho tuzobasigurira ibikenewe,kuko ubu ntiturarekurirwa kubigira.

I.M : Mwakurikiranye uko bintu vyari vyifashe muri uwo mugambi wa You’ll Love Changes Vol1, wibaza ko ubu hahindutse iki kubwawe?

E.S : Ivyo sinemerewe kugira ico ndabivuzeko, kimwe gusa nuko hari ihinduka hama kuvya volume yambere murabibaza Ikoh multiservice izogira ico ibivuzeko.

I.M : Akabazo kanyuma, n’ukuvuga ko ubu ata ndirimbo n’imwe ya Emery Sun izosubira gusohoka idakozwe na Ikoh mu kiringo c’umwaka wose? 

E.S : Ego indirimbo zanje zose zihagarikiwe na IKOH, n’ibindi vyose bizoba bijanye na music

Abazoba bari muri uwo mugambi wa You’ll Love Changes Vol2, hakaba hamaze kumenyekana 2, Emery sun hamwe na Double Jay akomoka mu gisaga ca Gitega.

Mwomenya ko Uwo mugambi Emery Sun aheruka kwemerana gukorana nawo ugize kabiri kuko urukurikirane rwa Mbere rw’uwo mugambi bise You’ll Love Changes Vol1 ruheruka gusohoka aho rwari rugizwe n’indirimbo zishika kuri 10 z’abaririmvyi b’abarundi, aba tanzania mbere hakaba harimwo n’umwarabu.

Irabire video Nayo

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel