Scroll to Top

Mavugo nk’urukiza rwa Simba Sports

By Alain Muhirwe / Published on Thursday, 16 Feb 2017 14:12 PM / /

Laudit Mavugo yasubiye kwewrekana ubukomezi, mu nkino zikomeye z’umugwi wa simba Sports Club mu kwinjiza igitsindo kimwe rudende  ku munota wa 56

Mw’ihiganwa ry’igikombe c’ishishirahamwe ry’umpira w’amaguru mu gihugu ca Tanzania, igikombe benshi bita FA  CUP,Umugwi wa Simba Sports club,, uhejeje kwirahira African Lyon, uronka amahirwe y’ukuja mu gice ca kane gishira icanyuma.

Mu rukino rwabera ku kibuga ca Uwanja wa Taifa, Laudit Mavugo yasubiye kwewrekana ubukomezi, aho umugwi wa simba Sports Club, uba uriko urakina zimwe mu nkino z’ibikombe basanzwe bakinira mw’ihiganwa ry’aho muri Tanzania. Urwo rukino rero rukaba rwarangiye ku gitsindo kimwe rudende catsinzwe na Mavugo Laudit ku munota wa 56, Simba Sports Club ibona kuja muri kimwe gishira ica kane.

Laudit Mavugo akaba akwije inkino zigera kuri zitatu zikurikiranya atsinda, ibiriko biramuha icizere ku mu menyereza wiwe Omog ava mu gihugu ca Cameroun.

Tukabibutsa ko Laudit Mavugo ariwe yaheruka guha amahirwe umugwi wa Simba yo kuja mu rukino rwa nyuma mu gikombe citiriwe ukwibohoza mu mazinga ya Zanzibar ( Kombe la Mapinduzi). Muri kino gihe akaba afise ibitsindo bitandatu mw’ihiganwa ryo muri ico gihugu.

144 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment