Scroll to Top

Abamenyereza ba Basket Ball bafise imigambi itari mike

By Alain Muhirwe /Published on Thursday, 16 Feb 2017 13:44 PM // 201 views

 

Urwego rw’abamenyereza ba Basket Ball, hano mu Burundi, bariko barategura ihiganwa hano mu gisagara ca Bujumbura, rikazoba kw’igenekerezo rya 25 na 26 Ruhuhuma(02) banafise n’iyindi migambi itari mike mur’uno mwaka.

Aoron Kagabo arongoye urwo rwego, akaba n’umumenyereza w’umugwi w’Urunani akanaba kandi amenyereza umugwi nserukira gihugu, aratanga intumbero yiryo shirahamwe,ritari risanzwe rimenyerewe mu rukino rwa Basket Ball hano iwacu.

Kagabo yamenyesheje ko:

“Abamenyereza bo mu rukino rwa Basket Ball hano iwacu, bafise imigambi, itari mike harimwo ukongereza ubuhinga bafise, tutibagiye n’uguhanurana hamwe n’ugushigikirana. Arongera ati: :”Twari tumaze imyaka ibiri, ataco turiko turakora ariko dushimye gutangurira kw’ihiganwa, ibindi tukazobandanya.”

Kabaye n’akaryo ko kutubwira ko urwo rwego rusanzwe ruhuriramwo abamenyereza harimwo n’abo hagati mu gihugu. Imigwi izokwitabira iryo higanwa, akaba ari imigwi iva mu gisagara ca Bujumubura, mu cicaro ca mbere. Iyigera ku munani mu basore n’ibiri mu bigeme.

Akarangiza asaba ko aboba babishoboye bose ko bobafata mu mugongo mu gutegura iryo higanwa, hamwe n’uguteza imbere igisata c’abamenyereza mu rukino rwa Basket Ball.

 

Tagged as:

Add Comment

Comments (1)

Fisto
2017-02-17 00:00:00

Ariko namwe none mu Burundi hoba hariho federation ya Basketball? Canke nuguta umwanya gusa

Write a comment ...
Post comment
Cancel