Scroll to Top

Laudit Mavugo : Umukinyi w’ukwezi kwa Nzero muri Simba

By Alain Muhirwe /Published on Thursday, 23 Feb 2017 23:20 PM // 1361 views

Inyuma y’ukugira ukwezi kwa mbere kwiza mw’ihiganwa ry’igihugu ca Tanzaniya, mu mugwi wa Simba Sports Club, Laudit Mavugo yaraye atowe nk’umukinyi w’ukwezi kwa Nzero muruwo mugwi, asumbije abandi bakinyi basanzwe bakinana.

Ivyo bikaba bije   kumsubiza icubahiro muri uyo mugwi hari haheze igihe atariko arabonwa neza n’umumenyereza wiwe, Omog. Laudit Mavugo akaba yahawe ico kibanza ca mbere, inyuma y’ugutsinda  ibitsindo bine mu nkino 4 n’ugutanga imipira ibiri ivamwo ibitsindo.

Mavugo akaba yitezwe mu rukino rwo kuri uno wa gatandatu, kw’igenekerezo rya 25, aho bazohura n’umugwi wa Yanga Africans, mw’ihiganwa ryo muri co gihugu, ko ashobora kubaha itsinzi.

Add Comment

Comments (1)

Wilson
2017-02-24 00:00:00

Komera komera sha

Write a comment ...
Post comment
Cancel