Scroll to Top

Iciyumviro gikuru ca Sports for Life Kazoza Academy.

By Alain Muhirwe / Published on Friday, 24 Feb 2017 01:10 AM / /

Twari tumaze iminsi tubashikiriza bimwe mu bikorwa vy’umumenyereza wo mu rukino rwa Basket Ball, Patrick Richard Ngwijuruvugo afadikanije na Claude Kantore, aho bafasha abana bari mu bu ruhuko , bakabigisha bumwe mu buhinga bw’intango mu rukino rwa Basket Ball.

Kuri uno munsi baraye bashize ahabona, izina ry’ishure ry’urukino rw’umupira w’amaboko ku bana bakiri bato, Sports For Life Academy. Intumbero nyamukuru  y’iryo shure akayishikiriza agara ati:“Twasanzze abana benshi bakunda urukino rwa Basket Ball, ariko ntibaronke abashobora kubafasha. Iyo utanguye kwiga bumwe mu buhinga bw’urukino rwa Basket Ball ukiri muto, bigufasha guterimbere muri urwo rukino.”

Ico n’ico catumye abo bamenyereza batanguza iciyumviro c’ukwegeranya abana, bifuza guterimbere mu rukino rwa Basket ball.

Tubamenyeshe ko igihugu cacu, muri kahise ka hafi kerekanye ko, kiramurira ibihugu bibanyi muri urwo rukino. Aho twohera mu bihugu bibanyi nk’Urwanda, Ubuganda. Muri kino gihe ho hakaba abigeme babiire baherutse kuja gukina muri Leta Zunze Ubmwe za Amerika.

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel