Scroll to Top

Impinga iracari ndende kugira bamenye ingene ubwo buhinga bukora

By La Rédaction / Published on Saturday, 25 Feb 2017 01:45 AM / /

Haraciye igihe kitari gito ishirahamwe ry’ugutumatumanako amakuru Lumitel ritanguje mu Burundi ubuhinga bushasha ryise ”Lumicash”, yamara abanyagihugu batari bake ngo ntibaramenya neza ingene ubwo buhinga busanzwe bukora.

Ku murwa mukuru w’intara ya Ngozi, ubuhinga bwa Lumicash busanzwe bukora nka banki ngendanwa, aho umuntu ashobora kubika canke kubikura amafaranga kuri konte yiwe ya Lumicash akoresheje ngendanwa yiwe, ntibumenyerewe n’abanyagihugu baho, yamara bamenyereye Ecocash yo isanzwe imaze igihe kitari gito ikorera muri iyo ntara.

Nk’uko bishikirizwa na Déo Ndayikengurukiye asanzwe akorera mu gisagara ca Ngozi mu kwandika abantu baba bipfuza gukoresha ubwo buhinga bwaba ubwa Lumicash canke Ecocash, ngo ishirahamwe Lumitel Burundi ryaragabanije abakozi baryo muri iyo ntara, ivyo bikaba arivyo yibaza ko vyoba vyatumye abanyagihugu baho batamenya cane ibijanye n’ingene ubwo buhinga bukora, akabona rero ko hakenewe ko bigishwa cane kugira bamenye neza akamaro k’ubwo buhinga bwa none iryo shirahamwe ryazanye.

Victor Ndikumana asanzwe aba muri iyo ntara ya Ngozi amenyesha ko yumva bavuga ubwo buhinga bwa Lumicash yamara ko ataramenya uko bwoba bukora, ati mbere abanyagihugu benshi bari aho mperereye mbona bakunze gukoresha Ecocash kuko ariyo bamenyereye cane. Akabona rero ko hagikenewe ko abanyagihugu bo muri iyo ntara ndetse no mu tundi duce ubwo buhinga bwoba butaramenyekana ku rugero rushimishije ko bohimirizwa bakanahabwa inyigisho z’ukuntu ubwo buhinga Lumicash busanzwe bukora n’akarusho bwoba busumbije Ecocash.

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel