Scroll to Top

Cedric Bangy ati :”Nta munyamahanga azodukundira Uburundi kuturuta”

By KING YANN COOL / Published on Monday, 27 Feb 2017 07:02 AM / /

Mu ndirimbo Burundi Je t’aime, Cedric Bangy aha ubutumwa urwaruka, eka n’abarundi bose ngo bakunde igihugu kuko ari rwacu.

Ku musi wa kane igenekerezo rya 23 ruhuhuma niho amasanamu y’indirimbo Burundi Je t’aime y’umuririmvi akaba n’igihangange Cedric Banguy kashirwa ku muhora wa Youtube. Ako aririmbo ahanini uwo muririmvyi agaruka ku butumwa bwo gukunda igihugu.

Mu citabirizo c’iyo ndirimbo ari naco kiyitangura, Cedric Bangy aririmba akatari gake ati Igihugu Canje igihugu cawe, Igihugu canje Uburundi Ndabukunda. Ico citabirizo akaba yagisize mu rurimi rw’igifaransa.

Mon Pays,
Ton Pays,
Mon pays Burundi Je t’aime(x2)

Mu gitero ca mbere c’iyo ndirimbo iri mu mudiho wa Reggea, uwo muririmvyi abarizwa mu gisagara ca Bujumbura agaruka ku ruhara rw’abarundi mu kwubaka n’ugutorera inyishu ibibazo bibahanze bo nyene batarinze barahamagara ba kavamahanga.  Aho muri ico gitero akaba yitsa bagenziwe nka Spok’s mu ndirimbo Burundi co kimwe na Lolilo mu ndirimbo Ndatahutse nabo bagize ico babivugako.

Nta munyamahanga azodukundira Uburundi kuturuta,
nta n’uwuzobutwubakira, tutabwiyubakiye,
Amahoro Ntazova mu mahanga tutabishatse twebwe,
Abarundi twikemuria ivyacu ata wandya wangura.

Mu gitero kigira kabiri c’iyo ndirimbo imara iminota itatu hafi n’igice, Cedric aha ubutumwa urwaruka aho ababwira ko bokwirinda ba gateranya bagasasagaza amahoro kuko aribo nkingi y’Uburundi bw’ejo kanatsinda ngo nibo barongozi b’ejo. Bangy aranabwira abarundi ko batari bakwiye kwimanuza mu kudakunda kuko Imana yabahuje ikabagira abarundi ikabaha igihugu kimwe.

Kundane barundi kundane,
Turi bene mugabo umwe,
Imana yadusangije igihugu,
Kuki twimanuza,
Rwaruka rw’ubu na kazoza,
Nimwe ndongozi z’ejo,
Ntimwemerere ba gateranya,
Sasagaza amahoro.

Amasanamu yerekanwa muri iyo Video, akaba yerekana ahanini ubwiza bw’igihugu na cane cane ikiyaga Tanganyika gisazwe ari rurangiranwa mu makungu. Eka haranaboneka abana batamba co kimwe n’abariko baracuruza utu na turiya.

Iyo ndirimbo isohotse inyuma y’izindi zitari nke amaze igihe asohorera mu gihugu kibanyi c’Urwanda aho akubitirayo nka kabiri mu kwezi.

Iyo Video isohotse kandi inyuma y’igihe kirekire atabasha gushira ahabona amasanamu y’indirimbo n’imwe yiwe.

Irabire Video

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel