Scroll to Top

Rwanda | Knowless ngo nta kosa yakoze kugira ubugeni yibungenze

By KING YANN COOL / Published on Monday, 27 Feb 2017 08:01 AM / / 1467 views

Kuba Knowless yoba yagize ubugeni afise inda ngo nta kibazo kirimwo kuko yarasanzwe ari umugore wa Clement haraheze igihe, bari basigaje kuvyerekana gusa.

Ubusambanyi canke ugutwara indani y’indaro vyagirizwa Knwoless ngo sivyo na gato, ivyo tubikesha umukozi w’Imana yabahezagiye ku bugeni bwiwe na Clement.

Knowless na Clement kuri Mariage yabo

Mu kiganiro uwo mukozi w’Imana yahaye ikinyamakuru Radio na Tv 10 yo mu gihugu kibanyi c’Urwanda, avuga ko ata wusambana n’umugabo wiwe. Kubw’uwo mukozi w’Imana ngo nayo abaretse kumuraganisha ngo ntiyobavugira ariko we yabonye ataco mubuza kubahezagira kuko bari bakwije ivyo bibiliya ivuga.

Uwo mukozi w’Imana Rusine Josua avuga ko mu kiyago bagiranye na Knwoless co kimwe na Clement, ngo bamubwiye ko bamaze imyaka itatu bari bafise umugambi wo kwubakana. Mu gihe bamaze kuvyemeranya ngo baba basigaye kubigaragaza ariko Imbere y’Imana baba ari umugabo n’umugore.

Pastor Josua avuga ko umuntu avuga ubusambanyi mu bemeranije kwubakana iyo uja kuvanga uwo mwemeranije kubana ubuzima bwanyu bwose. Aho akaba yishura aho bamubaza ko guhezagira umukobwa afise inda atari amakosa. Akaba yanongeyeko ko Icaha atari ugutwara inda ahubwo ari ubusambanyi.

Mwomenya ko uwo mukozi w’Imana asanzwe ata dini na rimwe yegamiye ahubwo ngo asanzwe yigenga, akubaha Imana akisunga ijambo ryayo riri muri Bibiliya yera. Akaba yafashe iyo ngingo inyuma y’ukumara imyaka itari mike ari mw’ishengero ry’aba Adventist b’umusi w’indwi.

Irabire Video

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel