Scroll to Top

Femi de j’abat arashigikira umukobwa wiwe Divine naho bafise ivyo badahurizako

By KING YANN COOL / Published on Monday, 27 Feb 2017 10:22 AM /

Naho afise uruhusha wo gukora ico yipuza, Femi de j’aba ntahengeshanya kwereka umukobwa wiwe Divine Mugisha umwonga uhuma n’uwudahuma. 

Femi de j’abat ‘umukobwa wiwe Dvine nibabona kumwe ikijanye n’inyambaro z’abana ba ino gihe.  Mu gihe Dvine atungwa urutoe co kimwe n’abandi kuba bafise akageso ko kwambara impuzu zitabahesha icubahiro, se we abasha kumuhanura amweeka ivyiza n’ibibi kandi akanamukangurira kwubaha Imana.

Femi de j’abat n’umukobwa wiwe Divine Mugisha

Amakuru dukesha urubuga Burundibwiza rw’uyo muririmvyi wa kera Ngengiyumva Minani Felicien amenyesha ko ashigikiye gose umwana wiwe muri ico gikrwa c’uburirimvyi naho hari ivyo badahurizako. Ariko ngo ivyo badahurizako nivyotuma atamushigikira muri bimwe bimwe naho vyinshi ari Divine avyikorera.

Uwo mwanditsi w’indirimbo “Ukuba kw’isi n’ukwitonda” amenyesha ko ariko naho adahengeshanya kumwereka umwonga uhuma n’uwudahuma umukobwa wiwe, ngo arazi ko na Divine afise uburenganzira bwo gukora ico yumva umutima ushaka,  bimuha amahoro n’umunezero. Ivo yabiyagiye ikinyamakuru co muri ico gihugu ca Norvege, yongerako ko ariko ashima ko akora ibihimbaza umukama.

Ivyo bishikirijwe mu gihe uwo muririmvyikazi yaheruka kurengana igice ca mbere c’ihiganwa rihuza abaririmvyi mu gace babayemwo, ubu akaba ariko yitegurira ikindi gice.

Bishikirijwe kandi mu gihe Divine yaheruka gushira ahabona akaririmbo kiwe gashasha gashasha yise “Rør meg” bisigura Nkorako mu rurimi rwo muri ico gihugu.

Irabire Video 

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel