Scroll to Top

#Indundi Sports| Nzomukunda Fiston agiye gusubira mu myimenyerezo vuba.

By Alain Muhirwe / Published on Tuesday, 28 Feb 2017 01:59 AM / /

Inyuma y’aho agiriye imvune mu myimenyerezo y’umugwi nseukiragihugu witegurira inkino za CAHN2018, umusatirizi wa Inter Stars, Nzomukunda Fiston ariko aratora mitende.

Uno mu kinyi asanzwe yaratwaye igikombe c’abatarenza imyaka 17 mu mwaka w’2007, akaba yaraciye mu mugwi wa Athletico Olympique. Kuri uno munsi ari mu basatirizi bari bahamagawe n’umumenyereza mukuru w’Intamba mu rugamba kugira baze bitabe inkino za CHAN2018.

Tumubaza ingene amerewe: “Umuganga wo mu mugwi nserukiragihugu, yampaye indwi zitatu, ariko ubu ndashobora gutangura imyimenyerezo ndijenyene. nibaza ko mu minsi mike nzoba nagarutse,”

Ikiboneka n’uko uyu musore ashobora kubura mu nkino za kivandimwe. umugwi w’intamba mu rugamba buca ukina za kivandimwe hamwe n’umugwi wa Tanzania ndetse na Djibouti. Akaba atari uyo wenyene kuko na Kitenge Alexis wa Athletico Olympique, nawe mu rukino rwo mu mpera z’indwi twaraye turangije yagize imvune.

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel