Scroll to Top

#indundi | Natacha arerekana inzira acamwo ngo aserukire Uburundi mu makungu

By KING YANN COOL / Published on Monday, 27 Feb 2017 10:47 AM /

Natacha mu kiganiro Uburundi buraririmba kuri uyu wa mbere yavuze ko ukuja mu ma Festival ata kinini bisaba atari ukwemera kuja kurondera abagushigikira n’ukubaza iyo bibera.

Umuririmvyikazi Natacha la Bamba la Number arahanura abandi baririmvyi ko nabo bohaguruka bakaza barasohoka igihugu mu kuja mu ma Festival hakurya y’amazi. Kubwiwe ngo ntakigoye kirimwo ahubwo n’uguhaguruka ugashira amanga.

Naacha muri Festival Amahoro

Mu kiganiro Uburundi buraririmba kuri Radio Isanganiro, yabajijwe na Christian Nsavye asanzwe aremesha ico kiganiro inzira acamwo mu kugira abashe gushika muri ivyo biteramo bitandukanye, adakuramwo amafaranaga ariko bimutuma aja ahabona.

Natacha mu nyishu yatanze, yatanguye kubasaba ko bohera ku mukuru w’ishirahamwe ry’abaririmvyi kuko ariwe nawe amwereka izo Festival. Nayo ku kijanye n’uburyo ngo ntibotinya boheza nabo bagasaba kuko atawovyishoboza, ngo nawe araja gusaba abamushigikira kugira aserukire igihugu.

Uwo muvyeyi w’abana babiri akaba amaze guserukira uburundi mu bihugu bitandukanye, mu mahiganwa n’ama Festival harimwo SICA yanatahukanyemwo agashimwe.

Natacha akaba anamaze imyaka ine ategura isabukuru ry’umuziki w’umwigeme aho uno mwaka hazoba hari umuririmvyikazi w’umurundi ava mu gihugu ca Kenya.

Mwokwibuka kandi ko Natacha aheruka kuganuka avuye mu gihugu ca Suisse aho yari yatumiwe n’abarundi basanzwe babayo ngo agende kubateramisha.

Irabire Video

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel