Scroll to Top

#Indundi Sports| Tambwe Amissi “Biracashoboka gutwara Vodacom Premier League”

By Alain Muhirwe / Published on Monday, 27 Feb 2017 12:41 PM / /

N’ubwo batsinzwe ku munsi wa gatandatu mu rukino rwabahuza na Simba Sports Club, Tambwe Amissi we, ntarata icizere c’ugutahukana ihiganwa rya VPL ryo mu gihugu ca Tanzania.

Aganira na kimwe mu binyamakuru vyandika, mu gisagara ca Dar es Salam aremeza ko bigishoboka ko botwara ihiganwa nk’uko baritwaye mu mwaka uheze. ” Birababaje ko tutashoboye kwifata neza imbere y’umugwi mukeba wacu, ariko hamwe indongozi zacu zofatana munda , twoshobora gutwara igikombe.”

Mu rukino rwo ku munsi wa gatandatu, Tambwe Amissi akaba atabonetse cane kuko yanagombowe ku munota wa 70. Yanga Africans ikaba igira kabiri mw’ihiganwa ryo mu gihugu  ca Tanzaniya, n’amanota 49 mu nkino 22, harimwo n’urukino rumwe batarakina.

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel