Scroll to Top

#Indundi Sports| Habaye ikihe kibazo hagati ya Royal Eagles na Papy Fati?

By Alain Muhirwe / Published on Monday, 27 Feb 2017 12:45 PM / /

Amakuru ava mu binyamakuru vyo mu gihugu ca Africa y’Epfo, aremeza ko kuva mu mpera z’ukwezi kwa mbere, indongozi z’umugwi wa Royal Eagles, zafashe  ingingo z’ukudaha amasezerano, umusore Papy Fati.

Uwusanzwe amenyereza umugwi wa Royal Eagles, Kosta Papic yari yemeje ko Papy Fati ashobora gukina n’ubwo bari bakirindiriye impapuro z’umuganga wo mu gisagara ca Durban, aho yari yarungitswe mw’isuzumwa.

“We’ve sent him to a specialist in Durban about that [condition]. We are waiting to see if everything is going to be okay, which I hope so”.   Aho hari hagati mu kwezi kwa mbere.

Haheze iminsi mikeyi gusa indongozi z’uyo mugwi zahaye itegeko umumenyereza wa Royal Eagles ko badashobora gusinyisha uyo musore, aho yashikiriza abanyamakuru ati: “We are not signing Faty”. Ariko uyo mumenyereza  akaba atifuje namba gushira ahabona icatumye badasinyisha Papy mu gihe yari yavuze ko bategezwa  kurundira ivyemeza vy’umuganga.

Papy Fati akaba yari yagize ikibazo c’amagara mu mugwi wa Bid Vest University, ari naco gituma batabandanije n’uyo mugwi. Mukibukako ayri yashitse mu gihugu ca Afrika y’Epfo mu mwaka wa 2012 avuye mu gihugu c’Urwanda mu mugwi wa APR. Imbere y’aho akaba yari mu gihugu ca Turkia mu mugwi wa Trabzonspor kva mu mwaka wa 2008.  Mu mugwi nserukira gihugu akaba amaze kuhakinira inkino 21 n’ibitsindo 3.

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel