Scroll to Top

Yagiye yafatwa ku misi yari amaze yagisibije

By La Rédaction / Published on Tuesday, 28 Feb 2017 01:33 AM / /

Nk’uko bishikirizwa n’icegera c’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Moïse NKURUNZIZA, umugabo w’imyaka y’amavuka igera kuri 35 azwi ku mazina ya Salvator BUREGEYA, yaraye afashwe n’abajejwe umutekano mu gisagara ca Bujumbura kuri uwu wa 27 Ruhuhuma uwu mwaka.

Uwo mugabo ngo akaba yari amaze imisi yagisibije mu kwibisha abantu uruyeri, aho ngo yahenda canecane abashomeri batagira akazi abamenyesha ko agiye kukabaronsa mu kubasaba inyabwoko ari nayo yamenyesha ko hariho ”logiciel” agiye kubashiriramwo izobafasha kurangura ako kazi yamara kuyironka ntihagire uwusubira kumukubita n’iryahumye.

Moïse NKURUNZIZA akaba yaboneyeho guhamagarira uwo wese yoba yaribwe mu buryo nk’ubwo, ko yoheza agashika kuri komisariya y’igipolisi imwegereye kugira ngo abimenyeshe abajejwe umutekano, ivyo ngo bikazoheza bigafasha mu matohoza bazoheza bagakora kugira ngo iyo ngendo isigaye igisibije haba mu gisagara ca Bujumbura ndetse no mu ntara hagati mu gihugu, ibone kuranduranwa n’imizi.

Categories : homepage kirundi security

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel