Scroll to Top

Basaba ubufasha inyuma y’aho imvura ibasigiye mu bigangara

By La Rédaction / Published on Tuesday, 28 Feb 2017 01:52 AM /

Imvura irimwo imituragaro hamwe n’umuyaga udasanzwe iherutse kurwa kuri uwu w’Imana uheze yasize amazi ajererenga mu ntara ya Cibitoke, aho imirima, amasomero hamwe n’amazu y’abanyagihugu yahononekariye.

Ni muri zone Ndava komine ya Buganda yo mu ntara ya Cibitoke, aho imvura idasanzwe yaguye ku muhingamo wo kuw’Imana uheze igenekerezo rya 26 Ruhuhuma uwu mwaka yononye ibintu bitari bike, na canecane amazu y’abanyagihugu, aho ayagera kuri icumi n’imwe yabomaguritse ibisakazo vyayo bitwarwa n’igihuhusi, ishengero rya Pantekoti hamwe n’ibirase bigera kuri bine vyo kw’ishule ryisumbuye rya Komine risanzwe riri aho muri zone ya Ndava.

Eka si ivyo gusa, ibikoresho vyo mu masomero navyo nyene bikaba vyarahagiriye ikibazo tutibagiye imirima y’abanyagihugu, aho gushika ubu basaba ubufasha na canecane ibisakazo kuri uwo wese afitse umutima w’ikigongwe kugira ngo barabe ko boronka aho boba barakitse umusaya kuko basigaye mu bigangara vy’inzu.

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel