Scroll to Top

Avuga ko we n’abo bashingiye ishirahamwe bari ku kivi

By Julien Barinzigo / Published on Tuesday, 28 Feb 2017 09:19 AM / / 197 views
Umushingwamanza Dieudonné Bikorimana arongoye GNDES

Haraciye amezi abiri ishirahamwe génération nouvelle pour le développement économique et social GNDES mu mpfunyapfunyo y’igifaransa rigizwe ahanini n’urwaruka ritanguje ubworozi bw’ingurube ku musozi  Muyange, Zone Rubirizi Komine Mutimbuzi mu ntara ya Bujumbura ku birometero bitatu uvuye kw’ishure ryisumbuye Maranatha.

Umushingwamanza Dieudonné Bikorimana arongoye iryo shirahamwe avuga ati : «  Twatanguje ibibuguru vy’ingurube 10 kimwe carapfuye biturutse ku ndwara.Ikibuguru kimwe kigurwa amafaranga ibihumbi mirongo ine kandi mu mwaka umwe gusa ikivyara kiba gitanguye kurondoka ku buryo ingurube imwe ivyara utubuguru turi hagati y’indwi na cumi na tubiri bivuye ku kuntu yagaburiwe. Nta nkeka ko tutazohomba. Turi ku kivi »

Abagize iryo shirahamwe ngo biteze ko mu mwaka izo ngurube zizoshobera kurondoka hanyuma zishobora no kuriha ibifungurwa bizitunze. Ivyo bishoboka uko imisi ijana iheze ni ukuvuga gatatu mu mwaka ingurube imwe ivyara ishobora gutanga utubuguru mirongo ibiri na kamwe canke turenga.

Muri iryo shirahamwe haravutse utundi dushirahamwe natwo nyene twitunganije mu bijanye n’iterambere. Akarorero ni akashinze imashine isya ibigori n’imyumbati ku musozi wa Muyange.

Nitunga Noel, umusore w’imyaka 19 akoresha iyo mashine avuga ko ‘’ ata nyungu ikomeye iraboneka kuko abarimyi batimbuye gutyo ntibaronke ivyo baza gukubisha . Ariko rero ubuzima busa ni ubwahindutse kuva aho ntanguye gukorera ngaha, eeeeh ndaronka ico ntamira’’.

Ni ibiciro vyo gukubisha bisa ni vyatuduze.Ikiro c’imyumbati giseregwa amafaranga 40 mu gihe ikiro c’ibigori gitangigwa amahera 100 ngo kubera amavuta y’imashine agenda cane mu gusya ibigori.

Iruhande y’iyo mashine uyo mugwi waroroye ingurube 6 .Umutahe ngo ukomoka ku ngurane iturutse mw’ishirahamwe GNDES kandi ngo inyungu bazosubiza ni ntoyi.

Mu ngorane abarongoye ishirahamwe babona ni uko umwaka ari mu nini kugirangoi izo ngurube zitanagure kurondoka gutyo zibone gutanga ibizitunga.Ibi bituma inani zo gufatana mu nda zibandanya nkuko vyamaze gutangura kandi bigatanga icizere.

Uwurongoye GNDES atera akamo urwaruka urasaba kwijukira ibikorwa vy’iterambere rudacaguye igikorwa na kimwe kuko igikorwa naho coba gito gishobora kuvamwo ikintu kitari gito igihe ucitayeho.

Ishirahamwe génération nouvelle pour le développement économique et social riri mu mashirahamwe ariko aratera imbere bivuye ku bukerebutsi bw’abarigize. 

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel